The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesJonah [Yunus] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 68
Surah Jonah [Yunus] Ayah 109 Location Maccah Number 10
قَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱلۡغَنِيُّۖ لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ إِنۡ عِندَكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭ بِهَٰذَآۚ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ [٦٨]
Ababangikanyamana bavuze ko Imana Allah Yiyitiriye umwana[17]. Banguha! Imana Allah nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo Nkomoko y'impuhwe ku biremwa, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, eka nta n’icemezo mufise ku vyo murementaniriza Imana Allah. Mbega yemwe, karashize ingani muvuge n’ivyo mutazi ku vyerekeye Imana Allah!