عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Hud [Hud] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 12

Surah Hud [Hud] Ayah 123 Location Maccah Number 11

فَلَعَلَّكَ تَارِكُۢ بَعۡضَ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ وَضَآئِقُۢ بِهِۦ صَدۡرُكَ أَن يَقُولُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ جَآءَ مَعَهُۥ مَلَكٌۚ إِنَّمَآ أَنتَ نَذِيرٞۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٌ [١٢]

Ntumwa y’Imana! Ku kubera igarariza n’ihakana ry’ababangikanyamana, hari n’aho kumbure vyotuma uhesha kubashikiriza bimwe mu vyo wahishuriwe ukanategekwa kubishikiriza, gutyo ugatuntuzwa n’ukuba batipfuza kuvyumva, maze ukanatinya ko bohava bagusaba amananiza; nko kuvuga bati: “Ntiyari gutuma amanurirwa amatungo menshi ngo tumwemere, canke akazanana n’umumalayika yemeza ubutumwa bwiwe!”. Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero ata guhigimanga ivyo Jewe Allah Naguhishuriye. Ni ukuri, nta kindi ujejwe kuba kiretse ko uri Umugabisha ku bihano vyanje. Burya Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’ibintu vyose.