عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Hud [Hud] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 61

Surah Hud [Hud] Ayah 123 Location Maccah Number 11

۞ وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ هُوَ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَٱسۡتَعۡمَرَكُمۡ فِيهَا فَٱسۡتَغۡفِرُوهُ ثُمَّ تُوبُوٓاْ إِلَيۡهِۚ إِنَّ رَبِّي قَرِيبٞ مُّجِيبٞ [٦١]

Twaranarungikiye Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, araheza arababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni Yo Yabaremye mw’ivu mu kurema so wanyu Adamu, Iraheza Ibaha ububasha bwo gutunganya no guteza imbere isi. Kubera ivyo rero, nimuyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah Iri hafi y’umusenzi, Yumvira uwuyisavye.