عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Joseph [Yusuf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 100

Surah Joseph [Yusuf] Ayah 111 Location Maccah Number 12

وَرَفَعَ أَبَوَيۡهِ عَلَى ٱلۡعَرۡشِ وَخَرُّواْ لَهُۥ سُجَّدٗاۖ وَقَالَ يَٰٓأَبَتِ هَٰذَا تَأۡوِيلُ رُءۡيَٰيَ مِن قَبۡلُ قَدۡ جَعَلَهَا رَبِّي حَقّٗاۖ وَقَدۡ أَحۡسَنَ بِيٓ إِذۡ أَخۡرَجَنِي مِنَ ٱلسِّجۡنِ وَجَآءَ بِكُم مِّنَ ٱلۡبَدۡوِ مِنۢ بَعۡدِ أَن نَّزَغَ ٱلشَّيۡطَٰنُ بَيۡنِي وَبَيۡنَ إِخۡوَتِيٓۚ إِنَّ رَبِّي لَطِيفٞ لِّمَا يَشَآءُۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ [١٠٠]

Ni ho yahava yakirana iteka abavyeyi biwe mu kubicarika hambavu yiwe ku ntebe y’inganji, baraheza baramuramutsa indamutso y’icubahiro, benawabo bose baramwubamira[7] uko ari icumi n’umwe. Ni ho rero Yusufu yaca abwira se ati: “Da! Iyi rero, ni yo nsiguro y’indoto nigeze kurota nkiri muto, nkayikwiganira, Imana yanje Rurema Allah Yayishize mu ngiro, ni ukuri Yaranangiriye ubuntu igihe Yankura mw’ibohero, Ikanabanzanira ng’aha Ibakuye mu misozi, inyuma y’aho shetani interanije na benewacu. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa ku vyo Ishatse, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.