The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesJoseph [Yusuf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 21
Surah Joseph [Yusuf] Ayah 111 Location Maccah Number 12
وَقَالَ ٱلَّذِي ٱشۡتَرَىٰهُ مِن مِّصۡرَ لِٱمۡرَأَتِهِۦٓ أَكۡرِمِي مَثۡوَىٰهُ عَسَىٰٓ أَن يَنفَعَنَآ أَوۡ نَتَّخِذَهُۥ وَلَدٗاۚ وَكَذَٰلِكَ مَكَّنَّا لِيُوسُفَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلِنُعَلِّمَهُۥ مِن تَأۡوِيلِ ٱلۡأَحَادِيثِۚ وَٱللَّهُ غَالِبٌ عَلَىٰٓ أَمۡرِهِۦ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ [٢١]
Bamaze kumushikana muri Misiri, yaguzwe n’umushikirangoma wa Misiri, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Mwakire neza umurere, hari n’aho yogira ico atumariye, canke tukamugira umwana wacu”. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twarokoye Yusufu, Tukamushira mu muryango w’umutware wa Misiri akamwitaho - Twahavuye Dutsimbataza Yusufu ku ntwaro muri Misiri Tumugira umunyabigega, Tunamwigisha kurotora indoto kugira ashobore gutegekanya kazoza keza. Burya Imana Allah, ni Yo Iganza muri vyose, ariko abenshi mu bantu nta vyo bazi.