The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Thunder [Ar-Rad] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 31
Surah The Thunder [Ar-Rad] Ayah 43 Location Maccah Number 13
وَلَوۡ أَنَّ قُرۡءَانٗا سُيِّرَتۡ بِهِ ٱلۡجِبَالُ أَوۡ قُطِّعَتۡ بِهِ ٱلۡأَرۡضُ أَوۡ كُلِّمَ بِهِ ٱلۡمَوۡتَىٰۗ بَل لِّلَّهِ ٱلۡأَمۡرُ جَمِيعًاۗ أَفَلَمۡ يَاْيۡـَٔسِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ لَهَدَى ٱلنَّاسَ جَمِيعٗاۗ وَلَا يَزَالُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ تُصِيبُهُم بِمَا صَنَعُواْ قَارِعَةٌ أَوۡ تَحُلُّ قَرِيبٗا مِّن دَارِهِمۡ حَتَّىٰ يَأۡتِيَ وَعۡدُ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُخۡلِفُ ٱلۡمِيعَادَ [٣١]
Iyo haba Qor’ani yosomwa, maze ikagendesha imisozi ikava aho iri, canke igatuma isi isadagurika igatemba inzuzi, canke igatuma abapfuye bazuka bakavuga, yobaye ari iyi Qor’ani [9]; kandi hamwe n’ivyo vyose, ntivyotumye bayemera. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyene gushinga ingingo zose mu kwerekana ibitangaro, n’ibindi. Mbega abemeramana ntibazi ko iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose kw’isi, bemera hatarinze kuba ibitangaro! Abagararije rero, ntibazoreka gushikirwa n’ivyago bitewe n’igarariza ryabo; nko kwicwa no kugirwa imbohe, canke nya vyago bishikire ababanyi b’aho bacumbitse, gushika n’aho isezerano ry’Imana Allah ryo kuneshwa kwabo, rizoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntica kubiri n’isezerano.