عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Thunder [Ar-Rad] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 4

Surah The Thunder [Ar-Rad] Ayah 43 Location Maccah Number 13

وَفِي ٱلۡأَرۡضِ قِطَعٞ مُّتَجَٰوِرَٰتٞ وَجَنَّٰتٞ مِّنۡ أَعۡنَٰبٖ وَزَرۡعٞ وَنَخِيلٞ صِنۡوَانٞ وَغَيۡرُ صِنۡوَانٖ يُسۡقَىٰ بِمَآءٖ وَٰحِدٖ وَنُفَضِّلُ بَعۡضَهَا عَلَىٰ بَعۡضٖ فِي ٱلۡأُكُلِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ [٤]

Mw’isi rero, burya harimwo uduce tw’agataka twegeranye ariko dutandukanye mu kanovera katwo[2]; harimwo n’imirima itotahaye y’imizabibu, indimo z’ibindi biterwa bitandukanye, ibiti vy’itende binaga ari bibiribibiri ku ngundu imwe, n’ibinaga kimwe cose cisangije ingundu, ivyo vyose ugasanga umwimbu wavyo utandukanye kw’ibara, akanovera n’indemo, kandi vyose biri ku gataka kamwe, vyavomewe ku mazi akomoka hamwe, gutyo Tugatuma rero abantu bakunda bagahurumbira cane gufungura bimwe muri nya mwimbu kurusha ibindi. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri, harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa, bagaheza bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.