عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Abraham [Ibrahim] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 10

Surah Abraham [Ibrahim] Ayah 52 Location Maccah Number 14

۞ قَالَتۡ رُسُلُهُمۡ أَفِي ٱللَّهِ شَكّٞ فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ يَدۡعُوكُمۡ لِيَغۡفِرَ لَكُم مِّن ذُنُوبِكُمۡ وَيُؤَخِّرَكُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗىۚ قَالُوٓاْ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا تُرِيدُونَ أَن تَصُدُّونَا عَمَّا كَانَ يَعۡبُدُ ءَابَآؤُنَا فَأۡتُونَا بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ [١٠]

Intumwa zabo zabishuye ziti: “Karashize ingani mugire impungenge zo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, Rurema Yaremye amajuru n’isi; Imana Allah Ibararikira ukwemera kugira Ibababarire ivyaha vyanyu vy’ibangikanyamana, kugira ngo ntibahane mukiri kw’isi, Iheze Irindirize umwe wese muri mwebwe gushika kw’isango ryiwe ntarengwa ryo gupfa!”. Nya bantu bishuye Intumwa zabo bati: “Mwebwe nta co muri kiretse ko muri abantu nkatwe, nta gituma rero mwoba Intumwa mugashaka kutubuza gusenga ivyo abavyeyi bacu basenga mu bigirwamana. Enda nyabuna rero, nimutuzanire icemezo kigaragara cemeza ukuri ku vyo muvuga”.