The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Bee [An-Nahl] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 12
Surah The Bee [An-Nahl] Ayah 128 Location Maccah Number 16
وَسَخَّرَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ وَٱلنُّجُومُ مُسَخَّرَٰتُۢ بِأَمۡرِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ [١٢]
Yaranabagiriye ijoro riba umwanya mwiza wo kuruhuka; umurango na wo uba umwanya mwiza wo kurondera icorirenza; Ibaremera n’izuba kugira ribamurikire ku murango, mwongere murimenyereko umwanya n’imisi; Ibaremera n’ukwezi kugira kubahe umuco mw’ijoro, mwongere mukumenyereko ibihe vy’agatasi n’ici, hamwe n’imyaka, n’ibindi. Inyenyeri zimanye mu kirere, na zo zaremwe kw’itegeko ryayo, kugira muzimenyereko ubutumbero bw’ahantu mw’ijoro ry’umuzimagiza, n’ibindi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu b’ababanyabwenge banyurwa bakagamburukira Imana Allah.