The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe night journey [Al-Isra] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 51
Surah The night journey [Al-Isra] Ayah 111 Location Maccah Number 17
أَوۡ خَلۡقٗا مِّمَّا يَكۡبُرُ فِي صُدُورِكُمۡۚ فَسَيَقُولُونَ مَن يُعِيدُنَاۖ قُلِ ٱلَّذِي فَطَرَكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةٖۚ فَسَيُنۡغِضُونَ إِلَيۡكَ رُءُوسَهُمۡ وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هُوَۖ قُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَرِيبٗا [٥١]
Canke muhinduke ikindi kiremwa mubona ko gihambaye cane, nta kibuza ko muzozuka”. Umaze kubabwira ivyo, muri ico gihe bazokwinamura bahakana, bati: “Ni nde yodusubiza ubuzima twaramaze gupfa!”. Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Imana Allah Yabaremye na mbere, ni Yo Izobazura Ikabasubiza ubuzima”. Nibumva iyo nyishu, bazozungagiza umutwe bitangaza, baheze bavuge bati: “None iryo zuka ry’ibiremwa, rizoba ryari!?”. Uraheza ubishure uti: “Mwobibwirwa n’iki ko kumbure iryo zuka ry’ibiremwa riri hafi kugera!”.