The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe cave [Al-Kahf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 19
Surah The cave [Al-Kahf] Ayah 110 Location Maccah Number 18
وَكَذَٰلِكَ بَعَثۡنَٰهُمۡ لِيَتَسَآءَلُواْ بَيۡنَهُمۡۚ قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ كَمۡ لَبِثۡتُمۡۖ قَالُواْ لَبِثۡنَا يَوۡمًا أَوۡ بَعۡضَ يَوۡمٖۚ قَالُواْ رَبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَا لَبِثۡتُمۡ فَٱبۡعَثُوٓاْ أَحَدَكُم بِوَرِقِكُمۡ هَٰذِهِۦٓ إِلَى ٱلۡمَدِينَةِ فَلۡيَنظُرۡ أَيُّهَآ أَزۡكَىٰ طَعَامٗا فَلۡيَأۡتِكُم بِرِزۡقٖ مِّنۡهُ وَلۡيَتَلَطَّفۡ وَلَا يُشۡعِرَنَّ بِكُمۡ أَحَدًا [١٩]
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabasinzirije Tukanababungabunga ikiringo kirekire - Twabakanguye mw’itiro, kugira babazanye hagati yabo ku kiringo bamaze basinziriye. Bamwe muri bo bishuye bati: “Twasinziriye umusi umwe canke igice cawo”; abandi na bo bishuye bati: “Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza ikiringo mumaze musinziriye. Enda nyabuna rero, nimurungikane aya mahera y’amadirhamu umwe muri mwebwe aje mu gisagara, maze abasumire mu mfungurwa zirekuwe, ziryoshe, aheze abazanireko ivyo mufungura, kandi agende yiyorobeka kugira ntihagire n’umwe amumenya ngo dufatwe;