عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The cave [Al-Kahf] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 21

Surah The cave [Al-Kahf] Ayah 110 Location Maccah Number 18

وَكَذَٰلِكَ أَعۡثَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ لِيَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَأَنَّ ٱلسَّاعَةَ لَا رَيۡبَ فِيهَآ إِذۡ يَتَنَٰزَعُونَ بَيۡنَهُمۡ أَمۡرَهُمۡۖ فَقَالُواْ ٱبۡنُواْ عَلَيۡهِم بُنۡيَٰنٗاۖ رَّبُّهُمۡ أَعۡلَمُ بِهِمۡۚ قَالَ ٱلَّذِينَ غَلَبُواْ عَلَىٰٓ أَمۡرِهِمۡ لَنَتَّخِذَنَّ عَلَيۡهِم مَّسۡجِدٗا [٢١]

Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabasinzirije ikiringo kirekire hanyuma Tukabakangura mw’itiro - Twatumye abantu bamenya aho bahungiye[1], kugira bamenye ata gushidikanya ko isezerano ry’Imana Allah ryo kuzura abapfuye ku musi w’izuka, ari iry’ukuri. Ico gihe abantu bababonye bariciyemwo imigwi ku bijanye n’ukwemera izuka ry’ibiremwa; muri bo harimwo abemeye nya zuka ry’ibiremwa, hari n’abandi barihakanye. Iboneka rya benisenga ryabaye igitangaro cemeza ko izuka ry’ibiremwa ari ukuri. Benisenga bamaze kuboneka rero, ntibamaze kabiri, baciye bapfira muri rya senga ry’ibuye, ni ho abatanguye kubabona bavuga bati: “Nimubarekereyo, maze mwubakire umwugariro kw’iryo senga ry’ibuye, burya Imana yabo Rurema Allah, ni Yo Izi neza ukuri ku vyabashikiye”. Abaganza muri ico gihe bavuze bati: “Dutegerezwa kububakirako umusigiti[2]”.