The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesMary [Maryam] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 37
Surah Mary [Maryam] Ayah 98 Location Maccah Number 19
فَٱخۡتَلَفَ ٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَيۡنِهِمۡۖ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن مَّشۡهَدِ يَوۡمٍ عَظِيمٍ [٣٧]
Abahawe Igitabu bariciyemwo imigwi ku kubera ihazana ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Abanaswara barahayagije Isa mwene Mariyamu bararenza, muri bo harimwo abamwise imana, hari n’abamwise umwana w’imana, harimwo n’abamushize mu butatu butagatifu. Nayo abayahudi bo baramwirengagije, bamwita ko ari umurozi, harimwo n’abamwise umwana wa Yusufu umubaji. Uguhona nya guhona rero, ni ukw’abagararije bagahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero w’isi, n'izuka ry'ibiremwa.