عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 217

Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2

يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلشَّهۡرِ ٱلۡحَرَامِ قِتَالٖ فِيهِۖ قُلۡ قِتَالٞ فِيهِ كَبِيرٞۚ وَصَدٌّ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَكُفۡرُۢ بِهِۦ وَٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ وَإِخۡرَاجُ أَهۡلِهِۦ مِنۡهُ أَكۡبَرُ عِندَ ٱللَّهِۚ وَٱلۡفِتۡنَةُ أَكۡبَرُ مِنَ ٱلۡقَتۡلِۗ وَلَا يَزَالُونَ يُقَٰتِلُونَكُمۡ حَتَّىٰ يَرُدُّوكُمۡ عَن دِينِكُمۡ إِنِ ٱسۡتَطَٰعُواْۚ وَمَن يَرۡتَدِدۡ مِنكُمۡ عَن دِينِهِۦ فَيَمُتۡ وَهُوَ كَافِرٞ فَأُوْلَٰٓئِكَ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ [٢١٧]

Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku bijanye n’indwano, ko irekuwe mu kwezi gutagatifu! Bishure uti: “Kurwana mu kwezi gutagatifu ni icaha gikomeye, ariko kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, guhakana Imana Allah, kubuza abantu kwinjira mu musigiti mutagatifu w’i Makka no kwomora mu gisagara c’i Makka Intumwa n’abemeramana, ni co caha gikomeye cane ku Mana Allah, gusumba icaha co kurwana mu kwezi gutagatifu. Kandi burya ibangikanyamana ryanyu, ni ribi cane kurusha kwica mu kwezi gutagatifu. Kandi rero abagarariji ntibazoreka kubarwanya gushika babakuye mw’idini ryanyu ry’ubwislamu mukabakurikira, nibaba bazobishobora! Uwo wese muri mwebwe rero, azota idini ryiwe akabakurikira, maze agapfa akiri umugarariji, uyo ari mu bantu ibikorwa vyabo bizohunguruka bikababera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.