The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 221
Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2
وَلَا تَنكِحُواْ ٱلۡمُشۡرِكَٰتِ حَتَّىٰ يُؤۡمِنَّۚ وَلَأَمَةٞ مُّؤۡمِنَةٌ خَيۡرٞ مِّن مُّشۡرِكَةٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَتۡكُمۡۗ وَلَا تُنكِحُواْ ٱلۡمُشۡرِكِينَ حَتَّىٰ يُؤۡمِنُواْۚ وَلَعَبۡدٞ مُّؤۡمِنٌ خَيۡرٞ مِّن مُّشۡرِكٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَكُمۡۗ أُوْلَٰٓئِكَ يَدۡعُونَ إِلَى ٱلنَّارِۖ وَٱللَّهُ يَدۡعُوٓاْ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ وَٱلۡمَغۡفِرَةِ بِإِذۡنِهِۦۖ وَيُبَيِّنُ ءَايَٰتِهِۦ لِلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ [٢٢١]
Bislamu! Ntimukabire ababangikanyamanakazi batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umuguranokazi atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamanakazi n’aho mwomugomwa. Ntimugashingire ababangikanyamana batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umugurano atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamana n’aho mwomugomwa. Abo babangikanyamana ni bo rero bararikira abantu kuja mu muriro, Imana Allah na Yo Ikararikira abaja bayo ku burenganzira bwayo, kuja mw’idini ryayo ry’ubwislamu rizobashikana mu Bwami bw’ijuru no kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibibahanire, Ikanatomorera abantu Aayah n’ingingo zayo kugira ngo bibuke baheze bikebuke.