The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 229
Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2
ٱلطَّلَٰقُ مَرَّتَانِۖ فَإِمۡسَاكُۢ بِمَعۡرُوفٍ أَوۡ تَسۡرِيحُۢ بِإِحۡسَٰنٖۗ وَلَا يَحِلُّ لَكُمۡ أَن تَأۡخُذُواْ مِمَّآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ شَيۡـًٔا إِلَّآ أَن يَخَافَآ أَلَّا يُقِيمَا حُدُودَ ٱللَّهِۖ فَإِنۡ خِفۡتُمۡ أَلَّا يُقِيمَا حُدُودَ ٱللَّهِ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَا فِيمَا ٱفۡتَدَتۡ بِهِۦۗ تِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِ فَلَا تَعۡتَدُوهَاۚ وَمَن يَتَعَدَّ حُدُودَ ٱللَّهِ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ [٢٢٩]
Ukwahukana ubwo gusubirana ni incuro zibiri gusa. Muri ico gihe, ingingo yubahirizwa, ni ugusubirana bakabana ku neza, canke bakahukana hubahirijwe agateka n’icubahiro c’umukenyezi mu bugwaneza mu kutandagazwa. Kandi ntimurekuriwe gusaba gusubizwa na kimwe mu nkwano canke ibindi mwabahaye, kiretse mu gihe abubakanye botinya ko batubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muri ico gihe rero baraheza bahanuze abahagarariye imiryango, abo nimwatinya ko abubakanye batokwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, nta kibi kiri mu kwumvikana gusubizwa inkwano, kugira ngo umugabo aheze yemere kwahukana. Izo ngingo ni imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah ntimukazirengeko ngo mucike ibigaba. Abarenga imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah, abo rero ni bo birenganya.