The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 259
Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2
أَوۡ كَٱلَّذِي مَرَّ عَلَىٰ قَرۡيَةٖ وَهِيَ خَاوِيَةٌ عَلَىٰ عُرُوشِهَا قَالَ أَنَّىٰ يُحۡيِۦ هَٰذِهِ ٱللَّهُ بَعۡدَ مَوۡتِهَاۖ فَأَمَاتَهُ ٱللَّهُ مِاْئَةَ عَامٖ ثُمَّ بَعَثَهُۥۖ قَالَ كَمۡ لَبِثۡتَۖ قَالَ لَبِثۡتُ يَوۡمًا أَوۡ بَعۡضَ يَوۡمٖۖ قَالَ بَل لَّبِثۡتَ مِاْئَةَ عَامٖ فَٱنظُرۡ إِلَىٰ طَعَامِكَ وَشَرَابِكَ لَمۡ يَتَسَنَّهۡۖ وَٱنظُرۡ إِلَىٰ حِمَارِكَ وَلِنَجۡعَلَكَ ءَايَةٗ لِّلنَّاسِۖ وَٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡعِظَامِ كَيۡفَ نُنشِزُهَا ثُمَّ نَكۡسُوهَا لَحۡمٗاۚ فَلَمَّا تَبَيَّنَ لَهُۥ قَالَ أَعۡلَمُ أَنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ [٢٥٩]
Canke ga Ntumwa y’Imana! Urabona nka wa muntu yaca mu gacimbiri imihana yako yasenyaguwe hagahona n’abakabamwo, araheza avuga yitangaza ati: “Ni gute Imana Allah Yosubiza ubuzima aka gacimbiri mu nyuma y’ihonywa ryako!”. Imana Allah Iraheza Imwaka ubuzima arapfa araheza amara imyaka ijana, hanyuma Iramuzura Imusubiza ubuzima, maze Iramubaza Iti: “Mbega wari umaze imyaka ingahe warapfuye!”. Arishura ati: “Nari maze umusi umwe canke igice c’umusi”. Imana Imubwira Iti: “Ahubwo wari umaze imyaka ijana warapfuye! Ehe mbere raba imfungurwa n’ibinyobwa vyawe Twarabibungabunze ntivyabora, raba n’indogobwe yawe rero ukuntu Tuyisubiza ubuzima kugira ngo Tukugire ku bantu ikimenyetso c’ubushobozi bw’Imana Allah bwo kuzura ibiremwa; ehe raba amagufa ukuntu Tuyasubiranya hanyuma Tukayambika inyama Tugasubiza nya ndogobwe ubuzima! Wa muntu, amaze kwibonera n’amaso yiwe iryo zuka, yashotse yemanga ko Imana Allah ari Mushoboravyose.