The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 54
Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ إِنَّكُمۡ ظَلَمۡتُمۡ أَنفُسَكُم بِٱتِّخَاذِكُمُ ٱلۡعِجۡلَ فَتُوبُوٓاْ إِلَىٰ بَارِئِكُمۡ فَٱقۡتُلُوٓاْ أَنفُسَكُمۡ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ عِندَ بَارِئِكُمۡ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ [٥٤]
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibwira abantu bayo iti: “Bantu banje! Mu vy’ukuri, mwarirenganije mu gusenga igishusho c’inyana y’inka. Kubera ivyo rero, nimugaruke ku Mana Allah Umuremyi wanyu, maze mwigaye ibicumuro vyanyu mu kwicana hagati yanyu. Ivyo rero mu gihe mwobigira, ni ku neza yanyu imbere y’Imana Allah Umuremyi wanyu. Ico gihe mwaricanye hapfa ibihumbi mirongo indwi, gutyo Iyabaremye Irabababarira”. Mu vy’ukuri rero, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.