The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Cow [Al-Baqara] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 93
Surah The Cow [Al-Baqara] Ayah 286 Location Madanah Number 2
وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَكُمۡ وَرَفَعۡنَا فَوۡقَكُمُ ٱلطُّورَ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱسۡمَعُواْۖ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَعَصَيۡنَا وَأُشۡرِبُواْ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡعِجۡلَ بِكُفۡرِهِمۡۚ قُلۡ بِئۡسَمَا يَأۡمُرُكُم بِهِۦٓ إِيمَٰنُكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ [٩٣]
Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko muzokwubahiriza ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati, maze muvyumve muvyubahirize Tutarabakororerako uwo musozi”. Bavuze bigovyora bati: “Twumvise ijambo ryawe, tugararije itegeko ryawe”. Bavuze ukwo kubera imitima yabo yari irajwe ishinga no gusenga igishusho c’inyana y’inka bibumbiye bitewe no kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni bibi cane ivyo mutegekwa n’ukwemera kwanyu nimwaba mwemera ivyo mwamanuriwe n’Imana Allah”.