The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesTaha [Taha] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 130
Surah Taha [Taha] Ayah 135 Location Maccah Number 20
فَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ قَبۡلَ طُلُوعِ ٱلشَّمۡسِ وَقَبۡلَ غُرُوبِهَاۖ وَمِنۡ ءَانَآيِٕ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡ وَأَطۡرَافَ ٱلنَّهَارِ لَعَلَّكَ تَرۡضَىٰ [١٣٠]
Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ivyo abagarariji bavuga, uheze uremururire umushaha, uninahaze Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mw’isengesho ryo mu mutwenzi imbere yuko izuba riseruka, no mw’isengesho ryo ku muhingamo imbere yuko izuba rirenga, no mw’isengesho ryo ku mugoroba bumaze guhwibira, wongere uninahaze Imana yawe Rurema Allah mw’isengesho ryo ku musase mu bihe vy’igicamusi, no mw’isengesho ryo kukirengazuba kugira uhemberwe ivyo bikorwa indishi igushimisha.