عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Prophets [Al-Anbiya] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 89

Surah The Prophets [Al-Anbiya] Ayah 112 Location Maccah Number 21

وَزَكَرِيَّآ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ رَبِّ لَا تَذَرۡنِي فَرۡدٗا وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡوَٰرِثِينَ [٨٩]

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Zakariya (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yahamagara Imana yiwe Rurema Allah, ayitakambira ko Yomuronsa umwana inyuma y’aho agereye mu za bukuru, avuga ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ntungire ingumba ngo nzopfe ata kibondo nsize, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa mu guhagararira bikwiye idini ryawe ninamara gupfa, burya ni Wewe Umwiza wa ba samuragwa.