The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Pilgrimage [Al-Hajj] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 78
Surah The Pilgrimage [Al-Hajj] Ayah 78 Location Maccah Number 22
وَجَٰهِدُواْ فِي ٱللَّهِ حَقَّ جِهَادِهِۦۚ هُوَ ٱجۡتَبَىٰكُمۡ وَمَا جَعَلَ عَلَيۡكُمۡ فِي ٱلدِّينِ مِنۡ حَرَجٖۚ مِّلَّةَ أَبِيكُمۡ إِبۡرَٰهِيمَۚ هُوَ سَمَّىٰكُمُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ مِن قَبۡلُ وَفِي هَٰذَا لِيَكُونَ ٱلرَّسُولُ شَهِيدًا عَلَيۡكُمۡ وَتَكُونُواْ شُهَدَآءَ عَلَى ٱلنَّاسِۚ فَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱعۡتَصِمُواْ بِٱللَّهِ هُوَ مَوۡلَىٰكُمۡۖ فَنِعۡمَ ٱلۡمَوۡلَىٰ وَنِعۡمَ ٱلنَّصِيرُ [٧٨]
Mwitange bikwiye kandi mu guharanira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah murarikira abantu kuyemera; ni Yo Yabatoye kuba abashikirizabutumwa b’idini ryayo, kandi ntiyigeze Ibashingira amabwirizwa arimwo amananiza ashingiye kw’idadika no ku kutagira isaganirizo mu kuyubahiriza mw’idini; idini rya so wanyu Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, Imana Allah ni Yo Yabise abislamu n’imbere yuko hamanurwa Qor’ani mu Bitabu vy’aho hambere; Ibita abislamu no muri iyi Qor’ani nyene kugira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibe icabona kibagiriza ko yabashikirije ubutumwa bw’Imana Allah, na mwe muheze mube ivyabona vyagiriza abantu bo hambere yanyu, ko Intumwa barungikiwe zabashikirije koko ubutumwa bw’Imana Allah. Kubera ivyo rero, nimushimire Imana Allah, muheze mutsimbataze amasengesho akwije ibisabwa, mutange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwishimikize koko Imana Allah kuko ari Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni. Irakaba rero Nkinzoyabatoni, Umwiza w’abahagarikizi bose, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo.