عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Believers [Al-Mumenoon] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 27

Surah The Believers [Al-Mumenoon] Ayah 118 Location Maccah Number 23

فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡهِ أَنِ ٱصۡنَعِ ٱلۡفُلۡكَ بِأَعۡيُنِنَا وَوَحۡيِنَا فَإِذَا جَآءَ أَمۡرُنَا وَفَارَ ٱلتَّنُّورُ فَٱسۡلُكۡ فِيهَا مِن كُلّٖ زَوۡجَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِ وَأَهۡلَكَ إِلَّا مَن سَبَقَ عَلَيۡهِ ٱلۡقَوۡلُ مِنۡهُمۡۖ وَلَا تُخَٰطِبۡنِي فِي ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ إِنَّهُم مُّغۡرَقُونَ [٢٧]

Ni ho rero Twebwe Allah, Twahishurira Nuhu Tukamubwira Duti: “Baza kw’itegeko ryacu ubwato ku mugaragaro, aho Twebwe Allah Tubona n’amaso yacu kuko ukingiwe. Igihe itegeko ryacu ryo kubahonya ryageze, maze hakaboneka imbizi izananye mw’ifuru, uraheza ushire mu bwato igitsina-gabo n’igitsina-gore kuri buri bwoko bwose bw’ibiremwa, wongere ushiremwo n’umuryango wawe, kiretse umugore wawe n’umuhungu wawe bamaze kwagirwa n’ibihano, kandi ntuhirahire ngo unsabe ko notenyenya guhana abirenganije, kuko mu vy’ukuri bazotwarwa n’isegenya.