The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Light [An-Noor] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 39
Surah The Light [An-Noor] Ayah 64 Location Maccah Number 24
وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَعۡمَٰلُهُمۡ كَسَرَابِۭ بِقِيعَةٖ يَحۡسَبُهُ ٱلظَّمۡـَٔانُ مَآءً حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَهُۥ لَمۡ يَجِدۡهُ شَيۡـٔٗا وَوَجَدَ ٱللَّهَ عِندَهُۥ فَوَفَّىٰهُ حِسَابَهُۥۗ وَٱللَّهُ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ [٣٩]
Nayo abagararije Imana yabo Rurema Allah bagahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, ibikorwa vyabo bibwira ko bizobungura mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizobabera impfagusa; nk’icirungu[14] aho uwishwe n’inyota abona mu bugaragwa akiyumvira yihenda ko abonye amazi, ariko yamara kuhashika agasanga nta n’ima ry’amazi ryahigeze. Ni nk’ukwo nyene rero umugarariji azosanga ivyo yakoze ku musi w’izuka vyamubereye impfagusa, ata n’ico vyomwungura, aheze ahasange Imana Allah Iheze Imuhembere ivyo yakoze ata karenganyo. Burya Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira ibiremwa;