The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Light [An-Noor] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 58
Surah The Light [An-Noor] Ayah 64 Location Maccah Number 24
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لِيَسۡتَـٔۡذِنكُمُ ٱلَّذِينَ مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡ وَٱلَّذِينَ لَمۡ يَبۡلُغُواْ ٱلۡحُلُمَ مِنكُمۡ ثَلَٰثَ مَرَّٰتٖۚ مِّن قَبۡلِ صَلَوٰةِ ٱلۡفَجۡرِ وَحِينَ تَضَعُونَ ثِيَابَكُم مِّنَ ٱلظَّهِيرَةِ وَمِنۢ بَعۡدِ صَلَوٰةِ ٱلۡعِشَآءِۚ ثَلَٰثُ عَوۡرَٰتٖ لَّكُمۡۚ لَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ وَلَا عَلَيۡهِمۡ جُنَاحُۢ بَعۡدَهُنَّۚ طَوَّٰفُونَ عَلَيۡكُم بَعۡضُكُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ [٥٨]
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubwirize abashumba banyu hamwe n’abana bataragera mu bigero, ko bategerezwa kubanza kudodora imbere y’ukwinjira aho muri mu bihe bitatu: igihe co kwitegurira isengesho ryo mu mutwenzi[15], igihe co gukura impuzu ngo muruhuke ku musase[16] n’inyuma rero y’isengesho ryo ku mugoroba igihe mwiteguriye kuryama[17]. Ivyo rero ni vyo bihe kenshi mutaba mwambaye ngo mwikwize. Si bibi rero kuri mwebwe canke kuri bo kwinjira mutabanje kudodora mu bihe bitari ivyo, kuko mwese mukenerana mu gufashanya utu na turiya. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo kudodora - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.