The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesTHE ANT [An-Naml] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 40
Surah THE ANT [An-Naml] Ayah 93 Location Maccah Number 27
قَالَ ٱلَّذِي عِندَهُۥ عِلۡمٞ مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن يَرۡتَدَّ إِلَيۡكَ طَرۡفُكَۚ فَلَمَّا رَءَاهُ مُسۡتَقِرًّا عِندَهُۥ قَالَ هَٰذَا مِن فَضۡلِ رَبِّي لِيَبۡلُوَنِيٓ ءَأَشۡكُرُ أَمۡ أَكۡفُرُۖ وَمَن شَكَرَ فَإِنَّمَا يَشۡكُرُ لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن كَفَرَ فَإِنَّ رَبِّي غَنِيّٞ كَرِيمٞ [٤٠]
Uwahawe ubumenyi bw’Igitabu yavuze ati: “Jewe, ndashoboye kuyikuzanira imbere yuko ukubita urugohe”. Sulayimani yapfuye kumurekurira, aca asaba Imana Allah ubwo nyene aba yashikanye ng’aho nya ntebe y’inganji. Sulayimani amaze kubona ya ntebe iri iwe, yaciye avuga ati: “Iyi, ni mu mpano z’Imana yanje Rurema Allah Impa, kugira Ingerageze ko nshima canke ngarariza mu kudashima! Burya uwushimiye Imana Allah, ni ukuri aba ashimye ku neza yiwe; nayo uwugararije mu kutayishimira, burya Imana yanje Rurema Allah, ni Uwikenuye, Yikenuye muri vyose; Mugiraneza, Iha ico Ishatse uwo Ishatse mu buryo Ishatse”.