عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Story [Al-Qasas] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 15

Surah The Story [Al-Qasas] Ayah 88 Location Maccah Number 28

وَدَخَلَ ٱلۡمَدِينَةَ عَلَىٰ حِينِ غَفۡلَةٖ مِّنۡ أَهۡلِهَا فَوَجَدَ فِيهَا رَجُلَيۡنِ يَقۡتَتِلَانِ هَٰذَا مِن شِيعَتِهِۦ وَهَٰذَا مِنۡ عَدُوِّهِۦۖ فَٱسۡتَغَٰثَهُ ٱلَّذِي مِن شِيعَتِهِۦ عَلَى ٱلَّذِي مِنۡ عَدُوِّهِۦ فَوَكَزَهُۥ مُوسَىٰ فَقَضَىٰ عَلَيۡهِۖ قَالَ هَٰذَا مِنۡ عَمَلِ ٱلشَّيۡطَٰنِۖ إِنَّهُۥ عَدُوّٞ مُّضِلّٞ مُّبِينٞ [١٥]

Musa yarinjiye mu gisagara ca Misiri yinyegeje mu gihe abantu b’aho bari basamaye, ahasanga abagabo babiri bariko bararwana; umwe muri bo yakomoka mu bantu biwe, Abene Israyeli, uwundi na we yakomoka mu bantu ba Firawuni, Abanyagiputa. Maze uwukomoka mu bantu biwe aramwiyambaza ngo amutabare, Musa araheza akubita igipfunsi wa Munyagiputa, aca ararambarara. Musa aca avuga yinegura ati: “Iki gikorwa giturutse ku nyoshambi za shetani zatumye ntwarwa n’agashavu nkamukubita agaca apfa. Mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara wa mwene Adamu, ihubisha inzira igororotse[2]”.