The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Story [Al-Qasas] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 25
Surah The Story [Al-Qasas] Ayah 88 Location Maccah Number 28
فَجَآءَتۡهُ إِحۡدَىٰهُمَا تَمۡشِي عَلَى ٱسۡتِحۡيَآءٖ قَالَتۡ إِنَّ أَبِي يَدۡعُوكَ لِيَجۡزِيَكَ أَجۡرَ مَا سَقَيۡتَ لَنَاۚ فَلَمَّا جَآءَهُۥ وَقَصَّ عَلَيۡهِ ٱلۡقَصَصَ قَالَ لَا تَخَفۡۖ نَجَوۡتَ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ [٢٥]
Umwe muri ba bigeme Musa yanyweshereza ibitungwa vyabo, yahavuye aza n’isoni nyinshi, araheza abwira Musa ati: “Mu vy’ukuri, dawe araguhamagaye kugira aguhe impembo yo kutunyweshereza ibitungwa”. Musa araheza ajana na nya mwigeme kwa se, amaze kuhagera akamwiganira ivyamushikiye kwa Firawuni n’ingabo ziwe, se wa nya mwigeme yaramutururuje ati: “Subiza umutima mu nda, ntutinye namba, warokotse abantu birenganije kuko aha ni mu kindi gihugu kidatwarwa na bo”.