عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The family of Imran [Aal-e-Imran] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 183

Surah The family of Imran [Aal-e-Imran] Ayah 200 Location Madanah Number 3

ٱلَّذِينَ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ عَهِدَ إِلَيۡنَآ أَلَّا نُؤۡمِنَ لِرَسُولٍ حَتَّىٰ يَأۡتِيَنَا بِقُرۡبَانٖ تَأۡكُلُهُ ٱلنَّارُۗ قُلۡ قَدۡ جَآءَكُمۡ رُسُلٞ مِّن قَبۡلِي بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَبِٱلَّذِي قُلۡتُمۡ فَلِمَ قَتَلۡتُمُوهُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ [١٨٣]

Abo bayahudi igihe bahamagarirwa kuba abislamu, bavuze bati: “Imana Allah Yaduhaye isezerano muri Tawurati ry’uko tutemera uwuzoza avuga ko ari Intumwa, gushika atuzaniye imperezwa yo kwiyegereza Imana Allah, hashoke haza umuriro uturutse mw’ijuru, maze uturire nya mperezwa”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mwanguha! Ntaco mwigovyora, kuko mwarungikiwe Intumwa aho hambere yanje ziza zifise ivyemezo n’ibitangaro vyemeza ko ari Intumwa vy’ukuri, zifise na nya mperezwa yaturiwe n’umuriro nk’uko mwabivuze, none ni kuki ba so bazishe nimwaba muri imvugakuri ku biri muri Tawurati!”.