The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Romans [Ar-Room] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 9
Surah The Romans [Ar-Room] Ayah 60 Location Maccah Number 30
أَوَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُوٓاْ أَشَدَّ مِنۡهُمۡ قُوَّةٗ وَأَثَارُواْ ٱلۡأَرۡضَ وَعَمَرُوهَآ أَكۡثَرَ مِمَّا عَمَرُوهَا وَجَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ فَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيَظۡلِمَهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ [٩]
Mbega abahakanyi batigera bemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze[3]! Bari n’abantu bafise inguvu nyinshi kubarusha, bashoboye no kuryoherwa n’ubuzima bw’isi mu kurima bakimbura, no mu kwubaka inyubakwa babamwo z’akaroruhore gusumba uko abahakanyi b’i Makka babayeho. Intumwa zabo rero, zaje zibazaniye ivyemezo bigaragara maze barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, ntiyigeze Ibarenganya kuri iryo honywa ryabo, ariko ni bo birenganije mu kuyibangikanya Ica Irabahana;