عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

Originator [Fatir] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 11

Surah Originator [Fatir] Ayah 45 Location Maccah Number 35

وَٱللَّهُ خَلَقَكُم مِّن تُرَابٖ ثُمَّ مِن نُّطۡفَةٖ ثُمَّ جَعَلَكُمۡ أَزۡوَٰجٗاۚ وَمَا تَحۡمِلُ مِنۡ أُنثَىٰ وَلَا تَضَعُ إِلَّا بِعِلۡمِهِۦۚ وَمَا يُعَمَّرُ مِن مُّعَمَّرٖ وَلَا يُنقَصُ مِنۡ عُمُرِهِۦٓ إِلَّا فِي كِتَٰبٍۚ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ [١١]

Bantu! Imana Allah Yaremye so Adamu mw’ivu, hanyuma abamukomotseko Ibarema mw’ima ry’intanga, umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, hanyuma Ibagira abagabo n’abagore. Nta n’igitsina-gore rero gisama inda canke ngo kiyivyare, kiretse ku bumenyi bw’Imana Allah; nta n’uwuramba akamara imyaka n’iyindi, eka nta n’uwugabanirizwa imyaka yo kubaho, kiretse ko ivyo vyose biba vyanditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Mu vy’ukuri iremwa ryanyu, kumenya ido n’ido ku buzima bwanyu imbere n’inyuma yuko muremwa, biroroshe cane ku Mana Allah.