The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesOriginator [Fatir] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 12
Surah Originator [Fatir] Ayah 45 Location Maccah Number 35
وَمَا يَسۡتَوِي ٱلۡبَحۡرَانِ هَٰذَا عَذۡبٞ فُرَاتٞ سَآئِغٞ شَرَابُهُۥ وَهَٰذَا مِلۡحٌ أُجَاجٞۖ وَمِن كُلّٖ تَأۡكُلُونَ لَحۡمٗا طَرِيّٗا وَتَسۡتَخۡرِجُونَ حِلۡيَةٗ تَلۡبَسُونَهَاۖ وَتَرَى ٱلۡفُلۡكَ فِيهِ مَوَاخِرَ لِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ [١٢]
Hari amabahari abiri ahura atandukanye mu kanovera k’amazi yayo; aho usanga amazi y’iri bahari afise akanovera, atemba neza mu muhogo akamara n’inyota; ugasanga amazi y’irindi bahari bihura ari amazi y’icunyunyu; hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo, mw’ibahari rimwe ryose muri yo, muraroba mugafungura ifi zoroshe ziryoshe, mukanacukura ubutare butandukanye muhinguramwo ibisharizo mwambara mukaberwa; uzobona n’ubwato amahanga bugendera mu mazi mu ruja n’uruza rw’urudandazwa, kugira murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, ivyo vyose rero bikerekana ubushobozi bwayo kugira muyishimire ari Imwe Rudende.