The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Troops [Az-Zumar] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 23
Surah The Troops [Az-Zumar] Ayah 75 Location Maccah Number 39
ٱللَّهُ نَزَّلَ أَحۡسَنَ ٱلۡحَدِيثِ كِتَٰبٗا مُّتَشَٰبِهٗا مَّثَانِيَ تَقۡشَعِرُّ مِنۡهُ جُلُودُ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُمۡ ثُمَّ تَلِينُ جُلُودُهُمۡ وَقُلُوبُهُمۡ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهۡدِي بِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٍ [٢٣]
Imana Allah, Yamanuye amajambo meza cane, ayo majambo akaba ari Qor’ani isusa mu bwiza no mu ngingo vyayo; itigera ivuguruzanya mu ngingo zayo; irimwo amateka y’Intumwa yisubiriza aha na harya, ingingo n’ivyemezo bitomoye; ntitera ubunebwe uwuyisomye n’aho yoyisoma kenshi yisubiriza; iyo isomwe, abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah barahinda agashitsi, maze imibiri n’imitima vyabo bikoroha mu guhurumbira ivyiza. Ubwo rero, ni bwo burongozi bwa Qor’ani, Imana Allah Ishoboza kubutumbera uwo Ishatse. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntazoronka n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.