عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Troops [Az-Zumar] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 29

Surah The Troops [Az-Zumar] Ayah 75 Location Maccah Number 39

ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلٗا فِيهِ شُرَكَآءُ مُتَشَٰكِسُونَ وَرَجُلٗا سَلَمٗا لِّرَجُلٍ هَلۡ يَسۡتَوِيَانِ مَثَلًاۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ [٢٩]

Imana Allah, Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo, agabwa akaganzwa n’abantu benshi bamukoresha mu vyo umwumwe wese muri bo ashaka mu mwanya umwe, maze akananirwa ukuntu yobashimisha bose; uwundi na we akagabwa akaganzwa n’umuntu umwe rudende, aheza akamukoresha mu vyo ashaka, maze na we akamushimisha. Burya none abo bantu babiri, bokworoherwa kumwe mu kurangurana ubukerebutsi ico basabwa! Wanguha. Ni nk’ukwo nyene rero, umubangikanyamana yama mu makenga n’ihungabana ryo kudashobora gushimisha ibigirwamana, mu gihe umwemeramana yama atekaniwe ashoboye no gushimisha Imana Allah. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangikanyamana, ntibazi ukuri ngo bagukurikire.