The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Women [An-Nisa] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 128
Surah The Women [An-Nisa] Ayah 176 Location Madanah Number 4
وَإِنِ ٱمۡرَأَةٌ خَافَتۡ مِنۢ بَعۡلِهَا نُشُوزًا أَوۡ إِعۡرَاضٗا فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَآ أَن يُصۡلِحَا بَيۡنَهُمَا صُلۡحٗاۚ وَٱلصُّلۡحُ خَيۡرٞۗ وَأُحۡضِرَتِ ٱلۡأَنفُسُ ٱلشُّحَّۚ وَإِن تُحۡسِنُواْ وَتَتَّقُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا [١٢٨]
Umukenyezi na we, niyatinya ko umugabo wiwe yokwiganza agahava amuhunga, canke akamwirengagiza, nta caha kuri bompi kiri mu kwumvikana gusubiza hamwe, mu gihe umukenyezi yokwemera guheba umusi wo kumutahira, canke bimwe mu vyo yari agenewe, kugira ntibahukane. Ukwumvikana rero gutuma babandanya kubana, ni vyiza cane gusumba ukwahukana, imitima y’abantu na yo burya yaremwe ari ingumyi nta co yikura. Nimwaramuka rero mubanye n’abakenyezi banyu mu bugwaneza, mugaheza mugatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo ajanye no kwubaka zikaguma, mu vy’ukuri Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera.