عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Women [An-Nisa] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 23

Surah The Women [An-Nisa] Ayah 176 Location Madanah Number 4

حُرِّمَتۡ عَلَيۡكُمۡ أُمَّهَٰتُكُمۡ وَبَنَاتُكُمۡ وَأَخَوَٰتُكُمۡ وَعَمَّٰتُكُمۡ وَخَٰلَٰتُكُمۡ وَبَنَاتُ ٱلۡأَخِ وَبَنَاتُ ٱلۡأُخۡتِ وَأُمَّهَٰتُكُمُ ٱلَّٰتِيٓ أَرۡضَعۡنَكُمۡ وَأَخَوَٰتُكُم مِّنَ ٱلرَّضَٰعَةِ وَأُمَّهَٰتُ نِسَآئِكُمۡ وَرَبَٰٓئِبُكُمُ ٱلَّٰتِي فِي حُجُورِكُم مِّن نِّسَآئِكُمُ ٱلَّٰتِي دَخَلۡتُم بِهِنَّ فَإِن لَّمۡ تَكُونُواْ دَخَلۡتُم بِهِنَّ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ وَحَلَٰٓئِلُ أَبۡنَآئِكُمُ ٱلَّذِينَ مِنۡ أَصۡلَٰبِكُمۡ وَأَن تَجۡمَعُواْ بَيۡنَ ٱلۡأُخۡتَيۡنِ إِلَّا مَا قَدۡ سَلَفَۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا [٢٣]

Haraziririjwe kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, ba nyoko na ba nyokuru bo ku ruhande rwa ba so canke rwa ba nyoko; abakobwa banyu n’abuzukuru b’abakobwa b’abana banyu kubandanya umanuka; bashikanyu musangiye abavyeyi bompi canke umwe muri bo; ba senge na bashiki ba sokuru banyu; ba nyokwanyu na ba nyokuru banyu; abakobwanyu; abishwanyu n’abakobwa babo; ba nyoko b’ibere; bashikanyu b’ibere[3], ba nyokobukwe [4], abakobwa b’abakenyezi banyu bavutse ku bandi bagabo barererwa kenshi iwanyu[5], mu gihe mwoba mwaramaze guhuza ibitsina mu kurangurana na ba nyina babo amabanga y’abubatse, mu gihe mwoba mutari bwayarangurane hanyuma mukahukana na bo canke bagapfa, aho nta kabi kuri mwebwe kari mu kwabira nya bakobwa; abakazana banyu bashingiwe abahungu mwibarutse canke abonkejwe n’abakenyezi banyu, mu gihe boba barashingiwe gusa, n’aho boba bataranguranye amabanga y’abubatse; kwabira umugore hamwe n’uwo bavukana basangiye amaraso canke bonse rimwe[6], kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.