The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Women [An-Nisa] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 46
Surah The Women [An-Nisa] Ayah 176 Location Madanah Number 4
مِّنَ ٱلَّذِينَ هَادُواْ يُحَرِّفُونَ ٱلۡكَلِمَ عَن مَّوَاضِعِهِۦ وَيَقُولُونَ سَمِعۡنَا وَعَصَيۡنَا وَٱسۡمَعۡ غَيۡرَ مُسۡمَعٖ وَرَٰعِنَا لَيَّۢا بِأَلۡسِنَتِهِمۡ وَطَعۡنٗا فِي ٱلدِّينِۚ وَلَوۡ أَنَّهُمۡ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَأَطَعۡنَا وَٱسۡمَعۡ وَٱنظُرۡنَا لَكَانَ خَيۡرٗا لَّهُمۡ وَأَقۡوَمَ وَلَٰكِن لَّعَنَهُمُ ٱللَّهُ بِكُفۡرِهِمۡ فَلَا يُؤۡمِنُونَ إِلَّا قَلِيلٗا [٤٦]
Burya mu bayahudi harimwo umugwi wihaye guhindagura amajambo y’Imana Allah mw’irementanya uko atari, bagaheza bakabwira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kwiyorobeka bati: “Twumvise ijambo ryawe!”, ariko ku mutima riniga bati: “Twiyamirije ibwirizwa ryawe!”, bakongera bati: “Twumvirize ntukumve[12], uheze utwiteho utwumvirize tukwumvirize[13]”, ivyo bakabivugana akarimi gasosa mu ntumbero yo gusabira Intumwa nabi, no gutyoza idini ry’ubwislamu. Iyo bapfuma bavuga bati: “Twumvise kandi twakwumviye, twumvirize rero unadutumbere kugira tugutahure gusumba”, vyari kuba vyiza cane kurusha kuri bo, ryari kuba n’ijambo ritunganye cane, ariko rero Imana Allah Yarabavumye kubera igarariza ryabo ryo kutumvira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), burya ntibemera vy’ukuri kiretse gake cane ata co kazobungura.