The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Forgiver [Ghafir] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 82
Surah The Forgiver [Ghafir] Ayah 85 Location Maccah Number 40
أَفَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُوٓاْ أَكۡثَرَ مِنۡهُمۡ وَأَشَدَّ قُوَّةٗ وَءَاثَارٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ [٨٢]
Mbega none, abahakanyi batigera banyurwa na Aayah hamwe n’ivyemezo vyayo, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo, ryagenze! Bari n’abantu bafise ingabo n’inguvu nyinshi kubarusha, basize n’ibisigarira bigizwe n’inyubakwa n’ibindi vyerekana ko bari bahambaye kubasumba! Ivyo barondeye vyose rero, nta co vyabamariye hageze guhanwa;