The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesExplained in detail [Fussilat] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 25
Surah Explained in detail [Fussilat] Ayah 54 Location Maccah Number 41
۞ وَقَيَّضۡنَا لَهُمۡ قُرَنَآءَ فَزَيَّنُواْ لَهُم مَّا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَحَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقَوۡلُ فِيٓ أُمَمٖ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهِم مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ خَٰسِرِينَ [٢٥]
Twarabaretse bagira abagenzi babi babama hafi mu mashetani akomoka mu bantu no mu Majini, maze babaryohereza gukora ibibi no kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, babibagiza no gukora ivyiza bizobagirira akamaro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo vyose rero, bategerezwa kwinjira mu muriro hamwe n’imigwi yahakanye aho hambere yabo mu Majini no mu bantu. Mu vy’ukuri, bari no mu bantu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.