The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesCouncil, Consultation [Ash-Shura] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 40
Surah Council, Consultation [Ash-Shura] Ayah 53 Location Maccah Number 42
وَجَزَٰٓؤُاْ سَيِّئَةٖ سَيِّئَةٞ مِّثۡلُهَاۖ فَمَنۡ عَفَا وَأَصۡلَحَ فَأَجۡرُهُۥ عَلَى ٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلظَّٰلِمِينَ [٤٠]
Ingere y’ikibi, ni ikibi ku kindi, uwukoze ikibi akagihanirwa ku rugezo rw’ingere ku yindi; uwubabariye uwamukoreye ikibi na we akareka kwihora, maze nya kibi akakiguza ingere y’iciza ku bw’Imana Allah, uyo rero indishi yiwe ayizeye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abarenganya mu gusomborotsa abandi.