The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesCouncil, Consultation [Ash-Shura] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 48
Surah Council, Consultation [Ash-Shura] Ayah 53 Location Maccah Number 42
فَإِنۡ أَعۡرَضُواْ فَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ حَفِيظًاۖ إِنۡ عَلَيۡكَ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُۗ وَإِنَّآ إِذَآ أَذَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِنَّا رَحۡمَةٗ فَرِحَ بِهَاۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةُۢ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡ فَإِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ كَفُورٞ [٤٨]
Ntumwa y’Imana! Nibirengagiza kwemera Imana Allah, uramenya ko Tutakurungitse kugira ubazwe ku bijanye n’ibungabungwa ry’ibikorwa vyabo, ku buryo ubahatira ukwemera, nta co ujejwe atari ishikirizabutumwa gusa. Mu vy’ukuri, iyo Twebwe Allah Duhaye umuntu ubutunzi n’ibindi ku mpuhwe zivuye iwacu maze akaroranirwa, aranezerwa n’akamwemwe kakamusya; iyo naho ashikiwe n’ikiza c’ubukene canke indwara, bitewe n’ivyaha n’ibicumuro abantu bakora, ni ukuri umuntu aca yihakana inema, akidodomba nk’aho atigeze aroranirwa na rimwe.