The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesMuhammad [Muhammad] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 15
Surah Muhammad [Muhammad] Ayah 38 Location Madanah Number 47
مَّثَلُ ٱلۡجَنَّةِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۖ فِيهَآ أَنۡهَٰرٞ مِّن مَّآءٍ غَيۡرِ ءَاسِنٖ وَأَنۡهَٰرٞ مِّن لَّبَنٖ لَّمۡ يَتَغَيَّرۡ طَعۡمُهُۥ وَأَنۡهَٰرٞ مِّنۡ خَمۡرٖ لَّذَّةٖ لِّلشَّٰرِبِينَ وَأَنۡهَٰرٞ مِّنۡ عَسَلٖ مُّصَفّٗىۖ وَلَهُمۡ فِيهَا مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ وَمَغۡفِرَةٞ مِّن رَّبِّهِمۡۖ كَمَنۡ هُوَ خَٰلِدٞ فِي ٱلنَّارِ وَسُقُواْ مَآءً حَمِيمٗا فَقَطَّعَ أَمۡعَآءَهُمۡ [١٥]
Uko Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana buteye, burimwo inzuzi nininini z’amazi atemba atigera agira urubobi; inzuzi z’amata akanovera kayo katigera gahinduka; inzuzi z’inzoga y’akanovera iryohera abanywi, burimwo rero n’inzuzi z’ubuki bw’umutsama, busukuye ntiworaba! Muri nya Bwami kandi, bazohabwa n’ivyamwa vy’ubwoko bwose. Hejuru y’ivyo vyose, hari ukugumirizwa akabanga n’Imana yabo Rurema Allah mu kwirengagiza ivyaha vyabo. None ga yemwe! Uwuri mu Bwami bw’ijuru buteye ukwo, yohurira he n’uwuri mu muriro azobamwo ibihe bidahera, aho we n’abo bari kumwe bazohemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, maze akabacagagura amara!