The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesMuhammad [Muhammad] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 16
Surah Muhammad [Muhammad] Ayah 38 Location Madanah Number 47
وَمِنۡهُم مَّن يَسۡتَمِعُ إِلَيۡكَ حَتَّىٰٓ إِذَا خَرَجُواْ مِنۡ عِندِكَ قَالُواْ لِلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ مَاذَا قَالَ ءَانِفًاۚ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ طَبَعَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ وَٱتَّبَعُوٓاْ أَهۡوَآءَهُمۡ [١٦]
Muvugishwamana! Burya mu ndyarya, harimwo abakwumviriza ntibazigame ivyo uvuga, bamara kuva mu cicaro cawe, bagaca babaza abahawe ubumenyi bw’Igitabu c’Imana, mu gutebura n’akantu bati: “Mbega mutwumvira Muhamadi, mu kanya yari avuze ngw’iki!”. Abo ni bo rero Imana Allah, Yateye ikimangu ku mitima yabo ntiyashobora gutegera ukuri, maze batwarwa n’ivyipfuzo vyabo mu bugarariji n’ubuhuvyi.