عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The victory [Al-Fath] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 10

Surah The victory [Al-Fath] Ayah 29 Location Madanah Number 48

إِنَّ ٱلَّذِينَ يُبَايِعُونَكَ إِنَّمَا يُبَايِعُونَ ٱللَّهَ يَدُ ٱللَّهِ فَوۡقَ أَيۡدِيهِمۡۚ فَمَن نَّكَثَ فَإِنَّمَا يَنكُثُ عَلَىٰ نَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ أَوۡفَىٰ بِمَا عَٰهَدَ عَلَيۡهُ ٱللَّهَ فَسَيُؤۡتِيهِ أَجۡرًا عَظِيمٗا [١٠]

Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru[2].