The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe victory [Al-Fath] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 6
Surah The victory [Al-Fath] Ayah 29 Location Madanah Number 48
وَيُعَذِّبَ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقَٰتِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ وَٱلۡمُشۡرِكَٰتِ ٱلظَّآنِّينَ بِٱللَّهِ ظَنَّ ٱلسَّوۡءِۚ عَلَيۡهِمۡ دَآئِرَةُ ٱلسَّوۡءِۖ وَغَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡ وَلَعَنَهُمۡ وَأَعَدَّ لَهُمۡ جَهَنَّمَۖ وَسَآءَتۡ مَصِيرٗا [٦]
No kugira rero Ihane indyarya n’indyaryakazi, ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi biyumvira nabi Imana Allah, ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, bakanesha abansi babo, maze idini ryayo rigasasagara. Barakabona rero ibibi n’amagorwa vy’ubwoko bwose bibashavuza, baragashavurirwa n’Imana Allah, barakavumwa n’Imana Allah. Baranategekanirijwe n'umuriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane.