The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe private apartments [Al-Hujraat] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 7
Surah The private apartments [Al-Hujraat] Ayah 18 Location Madanah Number 49
وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ فِيكُمۡ رَسُولَ ٱللَّهِۚ لَوۡ يُطِيعُكُمۡ فِي كَثِيرٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡرِ لَعَنِتُّمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ حَبَّبَ إِلَيۡكُمُ ٱلۡإِيمَٰنَ وَزَيَّنَهُۥ فِي قُلُوبِكُمۡ وَكَرَّهَ إِلَيۡكُمُ ٱلۡكُفۡرَ وَٱلۡفُسُوقَ وَٱلۡعِصۡيَانَۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلرَّٰشِدُونَ [٧]
Nimumenye kandi ko Intumwa y’Imana iri kumwe na mwe, muheze rero murangwe n’urupfasoni, kuko yoyo ishaka ko mubaho mw’iteka n’itekane, ata we mubangamiye. Mu gihe rero yobumvira mu vyo mwipfuza vyose, ni ukuri ntimwokworoherwa namba; ariko rero Imana Allah, Yabakundishije ukwemera Iranakuryohereza mu mishaha yanyu, Ibankisha ubugarariji n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa yayo no kugabitanya. Abarangwa n’izi ngeso nziza rero, ni bo bari mu nzira nziza ibereye y’ukuri.