عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Table Spread [Al-Maeda] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 105

Surah The Table Spread [Al-Maeda] Ayah 120 Location Madanah Number 5

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ عَلَيۡكُمۡ أَنفُسَكُمۡۖ لَا يَضُرُّكُم مَّن ضَلَّ إِذَا ٱهۡتَدَيۡتُمۡۚ إِلَى ٱللَّهِ مَرۡجِعُكُمۡ جَمِيعٗا فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ [١٠٥]

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwitwararike kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, n’aho abantu batobumvira. Abahuvye inzira, nta co bazobicira mu gihe mwoguma mu nzira igororotse, mugategeka gukora ivyiza, mukabuza no gukora ibibi. Impera n’imperuka, mwese muzosubira ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibamenyeshe ivyo mwakoze Inabibahembere.