عربيEnglish

The Noble Qur'an Encyclopedia

Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languages

The Table Spread [Al-Maeda] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 48

Surah The Table Spread [Al-Maeda] Ayah 120 Location Madanah Number 5

وَأَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ مُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهِ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَمُهَيۡمِنًا عَلَيۡهِۖ فَٱحۡكُم بَيۡنَهُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُۖ وَلَا تَتَّبِعۡ أَهۡوَآءَهُمۡ عَمَّا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡحَقِّۚ لِكُلّٖ جَعَلۡنَا مِنكُمۡ شِرۡعَةٗ وَمِنۡهَاجٗاۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَعَلَكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَلَٰكِن لِّيَبۡلُوَكُمۡ فِي مَآ ءَاتَىٰكُمۡۖ فَٱسۡتَبِقُواْ ٱلۡخَيۡرَٰتِۚ إِلَى ٱللَّهِ مَرۡجِعُكُمۡ جَمِيعٗا فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ [٤٨]

Ntumwa y’Imana! Twaranakumanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo ukuri, gishimangira n’ukuri kuri mu Bitabu vy’aho hambere yaco, kigaheza kikabiganza mu gutomora ukuri kuri muri vyo, hamwe n’ivyahindaguwe n’abantu, kikanasubiriza rero n’ivyahanaguwe. Kubera ivyo rero, tunganiriza abakwituye mu bayahudi mu kubacira imanza wisunze ivyo wamanuriwe n’Imana Allah muri Qor’ani, ntukanakurikire ivyipfuzo vyabo vyotuma utirigana ku kuri kwagushikiriye, burya umugwi wose mu bantu Twarungikiye Intumwa muri mwebwe, Twawuhaye ingingo zitomoye n’ivyo wokwisunga mu kuntu ubayeho. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubaha ingingo zimwe mwisunga mwese, ariko rero izo ngingo Yarazitandukanije kugira Ibagerageze, maze hamenyekane - mu vyo Isanzwe Izi - ko mwubahiriza ivyo Yabahaye, gutyo hagaragare uwuyumvira n’ikigaba. Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu guhurumbira gukora ivyiza biri muri Qor’ani, bizobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ni ku Mana Allah rero muzosubizwa mwese, Iheze Ibabwire ivyo mwahora muhazanako mw’idini, Inahembere umwe wese ico yakoze.