The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Table Spread [Al-Maeda] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 68
Surah The Table Spread [Al-Maeda] Ayah 120 Location Madanah Number 5
قُلۡ يَٰٓأَهۡلَ ٱلۡكِتَٰبِ لَسۡتُمۡ عَلَىٰ شَيۡءٍ حَتَّىٰ تُقِيمُواْ ٱلتَّوۡرَىٰةَ وَٱلۡإِنجِيلَ وَمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡۗ وَلَيَزِيدَنَّ كَثِيرٗا مِّنۡهُم مَّآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ طُغۡيَٰنٗا وَكُفۡرٗاۖ فَلَا تَأۡسَ عَلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡكَٰفِرِينَ [٦٨]
Ntumwa y’Imana! Bwira abayahudi n’abanaswara uti: “Emwe bahawe Igitabu! Nta na kimwe mwimariye mw’idini, mu gihe mutarubahiriza ibiri muri Tawurati no mu Njili, hamwe rero n’ivyo mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah biri muri Qor’ani”. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah, gutyo ukagaragaza ingeso zabo mbi. Ntukicwe n’intuntu rero kw’igarariza ry’abantu b’ababahakanyi.