The Noble Qur'an Encyclopedia
Towards providing reliable exegeses and translations of the meanings of the Noble Qur'an in the world languagesThe Iron [Al-Hadid] - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Ayah 10
Surah The Iron [Al-Hadid] Ayah 29 Location Madanah Number 57
وَمَا لَكُمۡ أَلَّا تُنفِقُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلِلَّهِ مِيرَٰثُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَا يَسۡتَوِي مِنكُم مَّنۡ أَنفَقَ مِن قَبۡلِ ٱلۡفَتۡحِ وَقَٰتَلَۚ أُوْلَٰٓئِكَ أَعۡظَمُ دَرَجَةٗ مِّنَ ٱلَّذِينَ أَنفَقُواْ مِنۢ بَعۡدُ وَقَٰتَلُواْۚ وَكُلّٗا وَعَدَ ٱللَّهُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ [١٠]
Mbega mwafashwe n’igiki kibabuza gutanga mu nzira y’Imana Allah, kandi ari Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye! Abatanze muri mwebwe bakanarwanira Imana Allah imbere y’ihabuzwa rya Makka, ntibashobora kunganya indishi n’abakoze ivyo mu nyuma y’iryo habuzwa. Ababikoze imbere y’iryo habuzwa, ni bo bafise icubahiro gihambaye ku Mana Allah gisumba ic’ababikoze mu nyuma y’aho. Hamwe n’iryo tandukaniro mu cubahiro rero, umwe wese muri iyo migwi yompi, Imana Allah Yamusezeraniye Ubwami bw’ijuru. Burya Imana Allah, ivyo mukora vyose Irabizi, ni Yo Muhetuziwavyose, Izohembera umwumwe wese ku rugero rw’ivyo yakoze.